africa

Nigeria: Uwigize umu-General yafashwe nyuma yo kwigana umukono wa Prezida


Oluwasegu

Ahavuye isanamu, EFCC

Insiguro y’isanamu,

Abajejwe intwaro bavuga yuko basanze inkoho zitandatu n’inkoni yo gushariza mu rugo kwa Bwana Oluwasegun

Umugabo yigize umu-General yafashwe nyuma y’aho yiganiye umukono w’umukuru w’igihugu ca Nigeria, Muhammadu Buhari.

Ikigo co muri Nigeria kijejwe gukumira ubusuma bw’amafaranga, EFCC, cavuze yuko Bolarinwa Oluwasegun, yari yarigize umu-Genral mu gisirikare, yivye ikigo Kodef Clearing Resources amahera arenga $650.000.

EFCC cavuze yuko uwo mugabo yabeshe ko yari yashizwe ku rutonde rw’abagiye kugenwa n’umukuru w’igihugu mu mabanga, ariko ko yari akeneye amahera yo gutanga igiturire kugira agenwe muri ayo mabanga.

Bwana Oluwasegun ntaco yavuze kuri iryo fatwa kandi ikigo EFCC cavuze yuko azocirwa urubanza itohoza niryahera.



READ SOURCE

Leave a Reply

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.  Learn more